Ibigezweho kuri COVID-19: Abanyeshuri, hamwe n’ ”abakozi” gusubizwa amafaranga ya viza barishe mu gihe hibonekeza ikena ry’abakozi

People wearing PPE arriving at Sydney International Airport in Sydney. Source: AAP

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 19 Nzero 2022

  • Kuna uno musi abanyeshure mpuzamakungu kimwe n’abasanzwe bakora bari mu karuhuko binjira muri Australia bazogabanyirizwa amafaranga bariha kuri viza mu ntumbero yo gutera intege benshi binjire mu gihugu.
  • Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yamenyesheje impinduka zitegekanije gufasha igisata c’ubuzi n’abakozi mu gihugu mu ntumbero yo guhangana n’ubukene bw’abakozi bwatewe n’ikwirakwizwa ry’umugera Omicron.
  • Abanyeshure mpuz’amakungu bazokurirwaho amafaranga y’ishuri bariha mu kiringo c’indwi umunani uhereye kur’uyu wa Gatatu, mu gihe impinduka nkizo zizoshirwa mu ngiro kubasanzwe bakora bari mu karuhuko mu kiringo c’indwi 12.
  • Abantu bashika 61 nibo bahitanywe n’ikiza COVID-19 mu ntara zitatu zizwi nk’izirimo abantu benshi
  • Abashika 32 nibo bitavye Imana muri NSW, mu gihe igitigiri c’abarwariye uyo mugera mu bitaro ari 2,863 aho 217muri abo baremvye cane, aho vyibonekeza yuko ibitigiri vyo ku wa kabiri 2,850 na 209 bari baremvye.
  • Kuva uno musi uwuserukira intara ya NSW Dominic Perrottet yamenyesheje yuko ababa mu ntara arongoye bamaze kuronka incanco zibiri none hakaba haheze amezi atatu canke arenga, ngo ubu barashobora kuronka urundi rucanco ruha ingumvu izo baronse bizwi nka “booster shot”.
  • Muganga mu kuru muri Australia Professor Paul Kelly yamenyesheje yuko ibi bihe vy’imbero turimo bishobora kuba imbarutso y’iyongerekana ry’abanduye co kimwe ko hovuka ubundi bwoko bushasha bw’umugera wa COVID-19, ivyo ni mugihe turi no bihe vy’umwaka usanga hateye indwara z’ibicurane.
  • Intara ya Queensland yamenyesheje yuko izokuraho kwishira mu kato kubasanzwe bamaze kuronka incanco zose zibiri basanzwe bafata ingendo njabuk’amazi uhereye isaha indwi z’agatondo ko ku wa Gatandatu (1am Saturday)
  • Uwurongoye iyo ntara Annastacia Palaszczuk yamenyesheje yuko iyo tariki yashizweho  mu gihe iyo ntara yegereje gushikana ibice 90 kw’ijana vy’abicandagishije mu misi iri mbere.
  • Ikibuga c’indege co muri Melbpourne cateye akamo ko kuvanaho ukwisuzumisha COVID-19 kubasanzwe bashaka gufata ingendo kandi barikingije incanco zose zibiri, usanga basabwa kwerekana icemezo c’uko batanduye kiba cafashwe mu misi itatu imbere yuko basohoka Australia.

Intara zashizeho ukwiyandikisha kubw’udukoresho dufasfa kwisuzuma ikibiriraho tuzwi nka RAT ‘Rapid Antigen Test’

Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

NSW handuye 32,297 bashasha na 32 bitavyue Imana, mu gihe Victoria habonetse 20,769 na 18 bitavye Imana.

Queensland habonetse 19,932 vy’abanduye na 11 bitavye Imana, mu gihe muri Tasmania handuye abantu 1,185.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha here.


Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Find out what you can and can't do in your state or territory

Ingendo

Information for international travellers and Covid-19 and travel information in language

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘Getting help during Covid-19 from Services Australia in language




Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 

 

This story is also available in other languages.