Ibigezweho kuri COVID-19: Guma mu rugo muri Melbourne yongerejwe iyindi ndwi

Health staff monitor people after receiving a COVID-19 vaccination at the Royal Exhibition Building in Melbourne, Tuesday, August 10, 2021. Source: AAP Image/Daniel Pockett

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw'itariki 11 Myandagaro 2021.

  • Dubbo iri hagati mu ntara ya NSW nayo yagiye muri guma mu rego
  • Muri Victoria abashika batanu banduye bari mu matohoza.
  • Cairns yavuye muri guma mu rugo nkuko yari yabitegekanije

Victoria

Intara ya Victoria yagize abandi bantu 20 banduye, aho batanu muribo bitaramenyekana aho banduriye kuko bitaboneka ko banduye biturutse ku banduye. Abandi batandatu muribo baracindegemvya mu kibano kandi banduye.

Uwuserukira iyo ntara Daniel Andrews akaba yamenyesheje yuko tegeko rya guma mu rugo rizokwongerezwa ikiringo gushika kuwa Kane 19 Myandagaro

Ronderera ngaha ahatandukanye aho wokwicandagisha list of vaccination centres.

New South Wales 

Abashika 344 nibo banduye mu ntara ya NSW mur’abo 65 bakaba bari mu kibano bidegemvya kandi banduye. Abantu babiri batari bwicandagishe nibo bitavye Imana bahitanywe na COVID-19, umwe muribo yar’umushingantahe ari muri za 90 mu gihe uwundi nawe yari muri myaka 30 ariko kandi akaba yarafise uburwayi agendana.

Akarere k’uburongozi bwa Dubbo kari mu ntara hagati ya NSW kazoja muri guma mu rugo uhereye sa saba (1pm) uno musi inyuma yaho hibonekeje abantu ba biri banduye murako karere.

Uwujejwe amagara y’abantu mu ntara ya NSW Dr Kerry Chant yamenyesheje yuko abagera kuri 62 bari mu vyumba vy’indembe, 57 bakaba batararonka urucanco, mu gihe batanu bamaze kuronka urucanco rwabo rwa mbere.

Ronderera ngaha ahatandukanye aho wokwicandagisha list of vaccination clinics.

Queensland 

Iyo ntara yaronse abashika bane banduye biturutse ku kiza ca coronavirus muriyo ntara mu gihe abandi bari mu kato ariko banduye uyo mugera.

Guma mu rugo y’imisi itatu muri Cairns hamwe na Yarrabah irangira uno musi sa kumi (4pm) ariko hamwe n’ivyo ingingo ziguma uko zari restrictions remain in place.

Dr Jeannette Young akaba ari muganga mukuru muriyo ntara arasaba abana bari hagati y’imyaka 12-15 basanzwe bafise canke bagendana indwara ngo n’abo bakwiye kwiyandikisha ngo baronke urucanco.

Ronderera ngaha ingene wosaba isango ryo gucandarwa book your vaccination appointment.

Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel  na Quarantine
QLD Travel  na Quarantine
SA Travel  na Quarantine
TAS Travel  na Quarantine
WA Travel  na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi Smart Traveller.



Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory