Ibigezweho kuri COVID-19: Ibiharuro vy’imbonekarimwo hamwe n’umukazo ku mategko muri NSW

A near empty Market Street is seen in the central business district in Sydney. Source: AAP Image/Mick Tsikas

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw'itariki 29 Mukakaro 2021.

  • Intara ya NSW yagize ibitigiri vyo hejuru cane kuva ikiza kigitangura
  • Intara ya Victoria mu matohoza y’uwanduye bataratora aho yanduriye
  • Muri South Australia habonetse babiri banduye
  • Iyindi ndwi yo kwambara agafukamunwa ku baba muri Queensland

New South Wales 

Abashika kuri 239 mu ntara ya New South Wales nibo banduye umugera wa coronavirus nayo babiri bitavye imana harimwo umukenyezi w’imyaka 90 hamwe n’umushingantahe ari mu myaka yaza 80, abo bompi bakaba baba mu  gisagara ca Sydney mu gace ka South West. Inkomoko y’abanduye bagera 126 iracari mu matohoza mu gihe abagera kuri 81 bari bishize mu kato kuva bakimenya yuko banduye.

Uwurongoye intara ya NSW Gladys Berejiklian yamenyesheje yuko abasanzwe baba mu duce umunani aritwo Fairfield, Canterbury-Bankstown, Liverpool, Cumberland, Blacktown, Parramatta, Campbelltown na George's River,  ntibazokwemererwa kurenga ibirometero 5 bavuye aho baba.

Ihadabu ku batambaye agafukamunwa muri NSW yongerejwe kuva kuri $200 gushika kuri $500. Kuva ku musi w’ejo igiporisi kizohabwa ubushobozi bwo kwugara urudandazwa rwose rutazokwubahiriza ingingo zashizweho.

Fyonda ngaha urabe ivyahindutseCOVID-19 rules and restrictions. 

Victoria

Iyo ntara yabonye abandi batandatu banduye umugera. Abo banduye bose biboneka ko hari isano n’umugera wa coronavirus uzwi nka Delta wasakaye  mbere abanduye bakaba bari mu kato.

Abajejwe amagara y’abantu baracagerageza kurondera isoko ry’abanduye ejo hahise.

Fyonda ngaha urabe ivyahindutse COVID safe measures

Amasaha 24 aheze muri Australia hose.

Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel  na Quarantine
QLD Travel  na Quarantine
SA Travel  na Quarantine
TAS Travel  na Quarantine
WA Travel  na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha Click here , ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi Smart Traveller


  



Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 

Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory