Ibigezweho kuri COVID-19: Umugera wahitanye babiri muri NSW, Queensland yasibije ikiruhuko cari citezwe.

Source: AAP Image/Joel Carrett

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw'itariki 04 Myandagaro 2021.

  • Ukwibonekeza kuri hejuru kw’imigera mu karere ka Newcastle
  • Ikiruhuko kizwi nka Ekka muri Brisbane casibijwe
  • Habonetse uwundi muntu yanduye muri South Australia
  • Nta muntu wundi aratorwa yanduye muri Victori

New South Wales 

Intata ta NSW yagize abandi bantu 233 banduye, mu gihe 47 bakiri namduye bakiri muri kominote. Abashika ba biri nibo bamaze guhitanwa nico kiza COVID-19, harimwo uwuri muri myaka 20 yaba mu karere ka Southwest  muri Sydney, bivugwa yuko amagara yiwe yasinzikaye mu mwanya muto.

Uwujejwe amagara y’abantu mur’iyo ntara Dr Kerry Chant asaba abantu baba muri Newcastle kwisuzumisha kuko hamaze kwibonekeza imigera iri ku rwego rwo hejuru murako karere..

Birmingham Gardens, Shortland, Maryland, Fletcher, Minmi, Cameron Park, Mayfield, Stockton, na Fern Bay  nitwo duce duteye amakenga.

Fyonda ngaha urabe urutonde rwa’ahantu wokwicandagirisha list of vaccination clinics.

Queensland

Abantu 17 nibo banduye umugera wa COVID-19 mu ntara ya Queensland, mur’abo 16 bakaba bafitaniye isano n’ico kiza muriyo ntara. Uwugira 17 mur’abo banduye nta sano afitaniye n’abanduriye muri Brisabane, ahubwo we vyamenyeshejwe yuko ari ahitwa Cairns ku mugoroba w’itariki 3 Myandagaro.

Akaruhuko kazwi nka Ekka vyari bitegekanijwe yuko gatangura mu mpera z’iyi ndwi, kahagaritswe ariko bikavugwa yuko kazungururizwa ikindi gihe mur’uno mwaka nyene.

Uwujejwe amagara y’abantu Jeannette Young asaba abantu kwiyumvira gusuma babicishije k’ubuhinga ngurukanabumenyi canke bakaba bahagaritse ivyo baguze hakuguma bagenda genda.

Fyonda ngaha umenye ibijanye n’urucanco mu rurimi rwawe COVID-19 vaccine information in your language.

Amasaha 24 aheze muri Australia hose.

  • Habonetse uwundi muntu umwe yanduye muri South Australia, uwo muhungu w’imyaka 20 yari mu kato
  • Mu ndwi zirenga zitatu nta wundi muntu araboneka yanduye muri Victoria

Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel  na Quarantine
QLD Travel  na Quarantine
SA Travel  na Quarantine
TAS Travel  na Quarantine
WA Travel  na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here  ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi Smart Traveller.



Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory

This story is also available in other languages.