Ibigwezeho kuri COVID-19: 'Intambamyi' zidasanzwe zo gusubiza Victoria mu buzima busanzwe, Queensland yategetse ingingo zo kurwanya COVID

People are seen exercising along Southbank in Melbourne, Thursday, September 30, 2021. Source: AAP Image/Daniel Pockett

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 30 Nyakanga 2021

  • Victoria yarengeje ibice 80 kw’ijana vy’abicandagishije urucanco rwa mber
  • NSW igiye kwugurura amashure indwi imwe imbere y’ikiringo cari gitegekanije
  • ACT kworoshe ingingo zafashwe uhereye uno musi sa sita y’ijoro
  • Haboneste batandatu banduye umugera muri Queensland

Victoria

Abantu 1,438 nibo baraye batowe umugera mu ntara ya Victoria mu gihe 500 muri abo vyibonekeza yuko banduriye mu makoraniro y’inkino za nyuma zariko ziraba. Batanu nibo bitavye Imana.

Uwujejwe guhangana n’ikiza COVID-19 muriyo ntara Jeroen Weimar yagereranije uyo mushibuka w’ibitigiri nk’”intambamyi” mu mugambi wogusubira mu buzima busanzwe muriyo ntara.

Uwuserukira iyo ntara Daniel Andrews yamenyesheje yuko hagiye kugabanywa ikiringo c’uwiteje urucanco rwa mbere rwa Pfizer n’urwa kabiri cari kiri ku ndwi zitandatu kije ku ndwi zitati, kuko iyo ntara izoba ifise incanco zikwiye kugira zishigikire izo mpinduka kuva mu kwezi kuza.

Rondera ikigo wokwicandagishamo ki kwegereye vaccination centre.

New South Wales 

Abagera kuri 941 nibo banduye mu gihe batandatu bitavye Imana.

Uwuserukira intara ya NSW yamenyesheje yuko abana bo mu bitamwaka ‘kindergarten’, co kimwe n’abanyeshuri bo mu mwaka wa mbere na 12 ko bazosubira kwishura kuva itariki 18 Gitugutu, indwi imwe imbere y’ikiringo cari gitegekanijwe.

Abandi banyeshuri bose bazogenda basubira mu masomero yabo uhereye indwi zi biri zizokurikira, itariki 25 Gitugutu hamwe 1 Munyonyo.

Fyonda usabe umubonano wo kwicandagisha uno musi book your vaccine appointment

Australian Capital Territory

Umurwa mukuru wagize abantu 31 banduye ikiza COVID-19.

Uhereye ku wa Gatanu 1 Gitugutu isaha 00h01  ingingo zimwe zimwe ‘some restrictions will ease’ ziratezurigwa harimwo ukwisamaza bibera hanze y’amazu vyongerejwe umwanya, parike zisubire kwugurura, mbere na bamwe bamwe mu basanzwe bikorera utwabo bugururirwe.

Abarengeje imyaka 60 ubu baremerewe guterwa urucanco rwo mu bwo bwa Pfizer.

Fyonda ngaha book your COVID-19 vaccination.  Usabe umubonano wo gufataurucanco.

Vyari vyifashe gute mu masaha 24 aheze.

  • Akarere ntwaro ka Brisbane, Gold Coast, Logan, Moreton Bay, Townsville na Palm Island bigeye kwinjira igice ca 2 c’ingingo zafashwe ‘enter stage 2 restrictions’uhereye 16h00kuwa kane, itariki 30 Nyakanga 2021.
  • Reta yahishuye yuko agahembo kahabwa abakozi batakaje ubuzi mu kubafata mu mugongo kubera ikiza COVID-19 kazohagarara mu gihe abicandagishije bazoba bageze ku bice 80 kw’ijana incanco zompi.

Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:      

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel  na Quarantine
QLD Travel  na Quarantine
SA Travel  na Quarantine
TAS Travel  na Quarantine
WA Travel  na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.



Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory