Ironkere application nshasha ya SBS Radio app kandi k’ubuntu

The new-look SBS Radio app is out now for iOS and Android Source: SBS

“Application” yo k’ubuntu ya SBS Radio app ni nshasha kandi nibwo buryo burashe bwo kwumviriza ibiganiro vyawe ukunda biciye kuri SBS. Ibiganiro vyinsamirizi SBS biri mu ndimi zirenga 60 harimwo n’umuzi. Ah’uri hose, umwanya wose.

Koresha “application” nshasha ya Radio SBS kugira ngo ushobore kwumvirirza amakuru agezweho co kimwe n’amakuru y’ikibiriraho canke ku gihe ushakiye mu ndimi zirenga 60 kuri SBS Radio 1,2 co kimwe na SBS Arabic24.  Umviriza n’indirimbo zitororokanijwe kuri SBS PopAsiaSBS PopDesi hamwe SBS Chill. Hamwe n’ivyo urashobora kurondera vyinshi bitandukanye ubicishije kuri SBS English mu kirimi c’icongereza harimwo Eyes on Gilead hamwe na NITV’s Take It Blak.

Ironkere “telecharger” “application “ ya SBS Radio k’ubuntu

  

Abasanzwe bakoresha terefone za iPhone boca ngaha download the SBS Radio app from the App Store. 

Abakoresha terefone zo mu bwoko bwa Android boca ngaha download the SBS Radio app on Google Play. 

Ukaba usanzwe ufise iyo “application” ya SBS Radio, uzosanga hariho ahantu hakubwira ko ukwiye kuyishira ku gihe ( “Mis à jour” canke “update”). Ico usabwa gukora muruwo mwanya n’ukuja aho usanzwe urondera izindi application yaba muri App Store (Kubakoresha iPhone) canke Google Play (Kubakoresha Android) hama uheze ukurikize ivyo igusaba gukora.

Ni gute worondera ibiganiro mu kirimi cawe? 

Mu gihe wuguruye iyo “application” ubwa mbere, banza uhitemwo ururimi canke indimi wifuza kuronkeramo amakuru hamwe n’ibiganiro

Urashobora guhitamo ururimi mu kugenda ahari ibiganiro . Fyonda akantu ubona hejuru iburyo bwawe “paramètres” canke “settings”. Hama uce ufyonda ikirimi wipfuza mu ntumbero yo kwongera ku ndimi usanzwe ukoresha.

My Audio settings
Select languages under My Audio by tapping the settings icon.
SBS

Imenyereze kurondera ivyushaka

Rondera ivyo wipfuza ukoresheje urutonde “menu” y’iyo application iri epfo muri ecran ya terefone yawe

Ucugurura iyo application urabona ibitari bike mu biganiro SBS ibategurira. Muriyo application urasgobora kwumviriza ibiganiro canke amakuru ikibiriraho. Hejuru urondereye iburyo canke ibubamfu urashobora kuronka radio wipfuza kwumviriza. Mu gihe umaze kuyironka fyonda kuri “see schedule” canke “see full schedule” ahasanzwe hari urutonde canke “menu” hejuru iburyo kugira ngo ushikire urutonde rw’ibiganiro bitandukanye vy’iyo radio. Kugura ngo ushikire urutonde “playlist”, fyonda ahanditse “see full list” Kugira ngo ubashe kubona amazina y’abaririmvyi co kimwe nay’indirimbo iba yavuze.

Fyonda ahari ibiganiro kugira ngo ushobore kuronka ibindi vyinshi bishikirizwa na SBS.

Ufyonze ahanditse “My Audio” niho ushobora gusanga ibiganiro vyose umaze kwumviriza.

Kurikirana ibiganiro ukunda

Ntihagire ikiganiro ukunda kiguca mu myanya y’intoke utumvirije! Kugira ngo ushobore kwumviriza ico ikiganiro hitamo kwumviririza haba muri Radiyo canke ahasanzwe hari ibiganiro hama ufyonde “follo”. Ivyo biganiro uzoca ubisanga muri “My Audio”. Urashobora guhindura uko ushaka ubutumwa “notifications” bukumenyesha yuko uronse ikiganiro biciye muri “paramètres” canke “settings”.

Multilingual podcasts in the SBS Radio app
Discover podcasts in over 60 languages
SBS