Ivyo ukwiye kumenya kuri Covid-19 mu kirimi cawe?

Umushakashatsi ariko afise agacupa k'amaraso Source: Getty Images

SBS mu kirundi yiyemeje kugushikiriza amakuru yo kwizera aguha ubumenyi bukwiye kubijanye ni ikiza COVID-19. Iki ni icegeranyo c'ivyo ukwiye kumenya kuri Coronavirus, urashora kugisanginza abandi muri kominote yawe.

               

Guma muhira.  Ikingire bikwiye.  Menya ibigezweho.  Rokora ubuzima


Ingorane z’amafaranga

“Ukaba uriko uraca mu kibazo c’amafaranga, ja kuri www.moneysmart.gov.au  canke uhamagare ikigo kijejwe amadeni ku rwego rw’igihugu kuri 1800 007 007.  

Intambwe zitatu zo kworosha ingingo zafashwe mu kwirinda COVID-19

Reta ya Australia iriko irashira mu ngiro umugambi ugizwe n’ingingo canke intambwe zitatu zizofasha gukuraho ingingo zari zarafashwe kugira ngo Australia ishobore kutarangwamo COVID-19

Intara zitandukanye zizoshira mu ngiro izo ngingo gutandukanye ku rugero rutandukanye bivanye nuko igisata c’amagara y’abantu cifashe eka n’ingene bizoba vyifashe muriyo ntara.

Kw’itariki 12 Rusama 2020, reta ya Australia yaremeye ishirwa mu ngiro y’intambwe ya 3, ariko intara n’ibisagara akaba ariko bizofata ingingo y’igihe kibere iyo ntambwe yoshirwa mungiro.

Amakoraniro yemewe imbere mu nzu.

- Gukuraho ingingo yega kutarenza  abantu 100 ku bikorwa Atari ivyankenerwa bibera imbera mu nzu hisunzwe intambwe ya gatatu, hama isubirizwe:

  • Umuntu 1 kuri metero kwadarato;
  • Kwiha imetero 1.5 hagati yawe n’abandi bantu aho hose bishoboka
  • Gukaraba intoke/ gukoresha mu nkorokora wipfuka umunwa igihe cose wasamuye
  • Guma mu rugo mu gihe utamerewe neza kandi wisuzumishe mu gihe woba ufise ibimenyetso
  • Shira (download/telecharger) application ya COVIDSafe muri terefone yawe ngendanwa
  • Umugambi wa COVIDSafe mu bibanza birangurirwamo utuzi
  • Ibibanza biri kwi songa mu gukwirakwiza uyo mugera akarorero ikirabo c’ijoro ntibi mu mugambi wiyo ntambwe ya gatatu mbere bikazohabwa ayandi mabwirizwa hanyuma. Ivyo kandi vyega ibiteramo bikorerwa hanze abantu baticaye.

Ibikorwa bibera hanze harimo n’ibibera mu bibuga vy’inkino. 

Ku bibuga vyakira abantu bagera ku 40,000 vy’abarorerezi, ibikorwa birihisha no kwicarika abantu bizotuganywa imbere y’ibice 25 kw’ijana vy’abarorerezi gusa hafatiwe ku gitigiri ico kibuga cakira muri rusangi. Ivyo bizokorwa musi y’intambwe ya gatatu  

Ku bibuga vyo hanze vyakira abarorerezi barenga 40,000 birakeneye izindi nama

Intambwe zi 3 ngenderwako

  • Intambwe 1 kwugurura ibijanye n’ubutunzi mu bwitonzi, guha amahirwe abene gihugu ngo basubire mu bikorwa vyabo hamwe n’ibindi bikorwa vyo gufatana mu nda. 
  • Intambwe 2 kwubakirako kuburyo amakoraniro aduga agashika ku bantu 20,  hama hakugururwa amaduka n’ibindi bidanzwa vyizwa harimwo naho binonorera imitsi, ibibanza bizwi nka salons de beauté co kimwe n’ibibanza vyo kwidagaduriramo nka za sinema n’ibindi bibanza
  • Intambwe 3 izodushikana kuva muri kino kiza dushike mu bihe vy’abantu kubana no gukora batambukizanya COVID-19. Ubw’umvikane hagati y’abantu hisunzwe intambwe 3 bizoba arivyo “bishasha bigezweho” mu gihe uyo mugera ukibandanya kubangamira ubuzima bwa misi yose. Ingendo zo hakurya y’amazi co kimwe n’amakoraniro manini manini arenze abantu 100 vyo ntivyemewe gusha ubu.                           

COVID-19 yoba ikwiragizwa gute?

COVID-19 ikwiragizwa biciye ku umuntu ku wundi

  • Kwegerana cane n'umuntu kandi amaze kugira ubwandu canke mu masaha 24 imbere yuko ibimenyetso biboneka.
  • Kwegerana n'umuntu akorora canke y'itsamura amaze gusuzumwa kandi bikemezwa yuko yanduye.
  • Gukora ikintu canke ahantu (ku urugi canke imeza) hafise imigera y'umuntu akorora canke y'itsamura  aba yasuzumwe kandi vyemejwe yuko yanduye hama mu nyuma ukikora ku munwa canke ku ma zuru.

Reta ya Australia igira inama abantu bose yuko bakwiye gushira application COVIDSafe muri terefone ngendanwa zabo. Menya vyinshi

Ni ibihe bimenyetso vya COVID-19

Ibimenyetso vy'uwanduye Coronavirus biratandukanye kandi bishobora kwigaragaza nk'indwara yoroheje gushika ku guhema nabi ukamera nk'uwubuze impwemu, nkuko vyashikirijwe ku urubuga ngurukanabumenyi rwa reta ya Australia.

Ibimenyetso vy'uwanduye COVID-19 birasa ni vy'umuntu afise ibicurane, hama ivyo navyo harimwo:

  • Ubushuhe
  • Ibimenyetso bifatiye k'ugukorora
  • Ugukorora
  • kubabara mw'izosi
  • Kugabanukirwa n'impwemu
  • Ibindi bimenyetso birashobora kwibonekezamo ibicurane, kumeneka umutwe, kubabara mu ngingo canke kubabara mu mitsi, agasibe, ugucibwamo, kudahwa, kubura ubushobozi bwo kumoterwa, kubura ugusosera canke kururirwa, kubura akayabagu hamwe no kuruha

Uburongonzi bwarashize uburyo wokoresha kugira ngo urabe yuko ufise ibimenyetso vya COVID-19, ubwo nabwo ugashobora no kubukoresha uri mu rugo iwawe: https://www.healthdirect.gov.au/symptom-checker/tool/basic-details

Ni iki nkwiye gukora mu gihe ngize ibimenyetso?

Mu gihe ugize ibimenyetso mu imisi 14 ugishika muri Australia canke ukaba umaze guhura n'umuntu yasuzumwe akanemezwa yuko yanduye COVID-19 mu gihe c'imisi 14, ukwiye kwihutira guhamagara muganga mu maguru masha ugasuzumwa canke ugahamagara ikigo kijejwe kumenyesha amakuru kuri Coronavirus kuri 1800 020 080. Urasabwa kutaja kwivuriro canke ibitaro utabagabishije yuko ufise ibimenyetso.

Hamagara dogitere wawe kugira ngo ushobora kumusaba isango canke uhamagare 1800 020 080 vyihutirwa ikigo c'igihugu kijejwe gushikiriza amakuru kuri COVID-19. Ntuje kwa muganga canke ku bitaro utabamenyesheje yuko ufise ibimenyetso. 

Imbere yuko ugerayo, hamagara ivuriro canke ibitaro hama ubabwire yuko uherutse mu rugendo canke yuko wahuye ni umuntu yanduye COVID-19. Ukwiye kuguma ahantu wenyene wiyugaranye haba mu nzu yawe, mwi hoteri canke kwa muganga gushikaho abajejwe amagara y'abantu bemeje yuko wakize canke bikwiriye yuko usubira mu bawe no mubikorwa vyawe vya misi yose.

Mugihe woba wipfuza kuganiriza umuntu kuvyerekeye ibimenyetso ufise, hamagara ikigo c'igihugu kijejwe kumenyesha amakuru  no gutanga impanuro kuri Coronavirus. Uyo murongo wa terefona ukora amasha 24 k'umusi, mu kiringo c'imisi indwi mu ndwi. 1800 020 080

Reta ya Australia iriko irashiraho ibizofasha gusuzuma abantu mu gihugu cose mu bijanye no guhema aho basanzwe baja kuraba abaganga babo kugira ngo bifashe gusuzuma abafise ibimenyetso (ubushuhe, ugukorora, Kubura impwemu, kubabara mw'izosi n'uburuhe) vya COVID-19 bikiri hasi cane.

Raba ngaha namba ata muganga yogusuzuma ingene uhema mu ntara yawe canke hafi yawe  n'ingene wosaba umubonano  

Mu gihe woba ufise ikibazo co guhema neza canke ugashikirwa n'ibibazo vy'amagara agukitse wokwakura kuri 000.

Noba kwiye gusuzumwa ko mfise COVID-19?

Inama nkuru y'igihugu yemeje ko hakwiye kwongereza ibisabwa kugira abantu bose bafise ibimenyetso bitaribonekeza cane ko  bashobora gusuzumwa mu ntumbero kugira ngo bashobore kumenya abanduye COVID-19 vuba bishoboka.

Ni gute uyo mugera uvurwa?

Nta muti uzwi gushika ubu uvura Coronavirus, ariko vyinshi mu bimenyetso vyayo birashobora kuvurwa. Ama Antibiotiques ntaco amara kuri uyo mugera.

Ni nde abangamiwe kurusha abandi?

Abantu bamwe bamwe bamaze kwandura barashobora kutagwara, abandi bakaronka ibimenyetso bibayabaye mbere ugasanga ivyo bimenyetso barabikize mu buryo bworoshe, abandi nabo ugasanga barasinzikaye cane kandi vuba. Dufatiye kuri kahise ka Coronavirus, abantu babangamiwe kurusha abandi mu kwandura uwo mugera ni hamwe:

  • Abasangwabutaka (aba aborigene hamwe naba Torres Strait Islander ) bafise imyaka 50 irenga bakaba bagendana imwe canke nyinshi mu ndwara zidakira zitandukanye
  • Abarengeje imyaka 65 bakaba bagendana indwara zidakira. Indwara zidakira zizohabwa insiguro uko hazogenda hibonekeza abarwayi batandukanye.
  • Abarengeje imyaka 70 irenga.
  • Abantu basanzwe bafise abasirikare bo mu mubiri badakomeye.

Ni gute wofasha gukiringira ikwirakwizwa rya COVID-19?

Kwitwararika isuku ryo gukaraba no kwitsamura neza/ gukorora hisunzwe isuku hamwe no kwiha umwanya hagati yawe n’abandi bantu mu gihe urwaye, nico conyene cofasha gukingira uyo mugera. Ukwiye:

  • Gukaraba intoke neza kandi kenshi gashoboka ukoresheje isabuni imbere ni inyuma yo gufungura, ni inyuma yo gukoresha akazu kasurwumwe.
  • Ifate canke wifuke ku munwa mu gihe cose ukoroye canke witsamuye, guta akantu uhejeje gukoresha mu kwikingira umunwa mu gihe wariko witsamura, hama ukoreshe ivyabigenewe mu guhanagura intoke.
  • Mu gihe utamerewe neza, irinde guhura n’abandi bantu (Ihe intambwe n’igice 1.5 uri mu bantu)
  • Itwararike abandi hamwe nawe ubwawe, ugume mu rugo kenshi gashoboka.
  • Kudasohoka mu rugo rwawe kiretse ari ngombwa
  • Kwitwararika gusiga imetero ni igice hagati yawe n’abandi bantu eka no kugerageza kuba mu kibanza kuburyo hagati yawe n’abandi bantu habamwo metero kuwadarato

Ni nde akwiye kwikumira (Kwishira mu kato)?

Abantu bose binjiye muri Australia sa sita z’ijoro kuri 15 Ntwarante 2020, canke bakaba bazi yuko bahuye n’umuntu yasuzumwe kandi akemezwa yuko yanduye COVID-19, uyo abo basabwa kwi kumira ubwabo ahantu mu kiringo c’imisi 14.

Mugihe wasuzumwe bagasanga ufise COVID-19, utegerezwa kuguma mu rugo:

  • Ntugende ahasanzwe hakoranira abantu benshi nk’aho ukorera, kw’ishuri canke aho barera abana, mu kaguriro, canke mu bigo vya kaminuza
  • Saba umuntu akuronderere ico ufungura n’ibindi vyankenerwa wipfuza
  • Abikuzanire hama abisige imbere yu umuryango wawe
  • Ntiwemere yuko hagira uwuza ku kuramutsa, kiretse abantu musanzwe mubana nibo bemerewe kwinjira iwawe mu nzu

Kwiha umwanya canke  kwi kumira uri mu bandi bisigura iki?

Ukwiha umwanya hagati yawe n’abandi bantu niyo nzira imwe yo kugabanya ikwirakwizwa ry’umugera nka COVID-19. Uko wiha umwanya munini hagati yawe n’abandi, niko usanga bigoye kugira ngo uyo mugera ushobore gukwiragira mu buryo bubangutse.

 Harimo no kwirinda gukorakora ku bintu canke ahantu (akarorero nk’ibitashi vy’inzugi hamwe n’ameza) handujwe n’umuntu yahakororeye canke akahitsamurira kandi bizwi yuko uyo muntu yanduye COVID-19

Abantu ba biri nibo bemerewe gukoranira hamwe gusa.

Abagize inama nkuru y’igihugu ca Australia bemeranije kurekurira abantu ba biri bonyene kuba bari hamwe, haba mu makoraniro abera imbere mu mazu canke hanze y’amazu.

Iyo ngingo ikaba yarashizwe mu ngiro kuva igihe c’isaha zitandatu z’ijoro kuwa mbere itariki 30 Ntwarante.

 Abaterwa niryo tegeko hakaba harimo:

•  Abantu basanzwe ba bana mu nzu imwe  bajanye gukora ikintu kanaka.

• Abagiye   gupfuba ntibakwiye kurenga abantu 10.

• Ubugeni- abantu 5 bose hamwe

• Umuryango w’abantu basanzwe baba hamwe.

 Intara uko zigenga hamwe n’ibisagara birashobora guhitamo kwemeza ayo mategeko/ kuyashira mu ngiro

Guma muhira

Inama nkuru y’igihugu iragira inama abenegihugu ba Australia ku guma mu rugo, kiretse:

• Ugiye gusuma ivyankenerwa- ibifungurwa hamwe n’ibindi wokenera;

• Ugiye  kwa muganga canke kwivuza canke bibaye ngombwa yuko ujayo gutorera umuntu imiti

• Ugiye kwinonora imitsi wisunze itegeko rivuga yuko hemerewe gukorana abantu babiri gusa kandi basanzwe ba bana

• Ugiye gukora canke kw’ishuri mu gihe bidashoboka yuko wokorera canke wigira muhira.

Ibibanza vyo kwisamarizamo no kwinonora, n’ibindi.

Inama nkuru y’igihugu yemeje yuko ivyo bibanza co kimwe nivyo kwinonoremo bisanzwe bikorera hanze mu mibanza vya boze ko bikwiye kwugarwa. Aho basanzwe bimenyereza (hazwi nka Bootcamps) naho abantu bazotegerezwa kuba ba biri, harimwo n’umumenyereza.

Abanye Australia bari muzabukuru n’abasanzwe bafise indwara.

Abasanzwe bari muzabukuru barengeje imyaka 70 co kimwe n’abasanzwe bagendana indwara.

Inama nkuru y’igihugu iragira inama ishimitse yuko umurwi wab’abantu bakurikira bahamagariwe kwi kumira mu bandi cane bishoboka, abo nabo ni:

•  Abarenza imyaka 70 y’amavuko;

•  Abarenza imyaka 60 y’amavuko basanzwe bafise indwara bagendana;

•  Abasangwabutaka ba banye Australia barenza imyaka 50 y’amavuko basanzwe bafise indwara bagendana.   

Mu gihe utubahirije ingingo yo kwiha umwanya hagati yawe n’abandi bantu, ingingo izofatwa hisunzwe intara urimo.

  • NSW: Ihadabu yi  $1000 canke arenga
  • Victoria: Ihadabu ingana ni $1 600 canke arenga
  • SA: Igipolisi ntikizotanga ntikizoshira mu ngiro iyo ngingo
  • ACT: Kugabishwa, hagakurikira ihadabu
  • Queensland: Ihadabu ingana $1 330 ku muntu
  • WA: Ihadabu yi $1 000 ku muntu
  • Tasmania: Uburenganzira bwo gutanga ihadabu
  • NT: Igipolisi ntikizotanga ihadabu

Ndashobora kuja kuramutsa incuti n’imiryango iba mu nzu za reta zagenewe abageze mu zabukuru?

Kw'itariki 24h Ndamukiza inama nkuru y'igihugu yaramenyesheje yuko hatemerewe ikigo na kimwe gushiraho amategeko abuza abaza kwitaho abageze muzabukuru canke imiryango yabo, kiretse gusa mu kigo kanaka gisinzikajwe nico kiza.

Nk’itegeko ryega abanye Australia bose, ntiwemerewe kuja ku kuraba abasanzwe baba mu mazu y’abari mu zabukuru mu gihe:

  • Uvuye hakurya y’amazi mu kiringo c’imisi 14 iheze.
  • Umaze kubonana n’umuntu yasuzumwe kandi bikemezwa yuko yanduye COVID-19 mu misi 14 iheze.
  • Ufise umuriro canke ibindi bimenyetso bijanye n’indwara zo guhema (akarorero: inkorora, kubabara mu mihogo, gukehanirwa n’impwemu zo guhema)
  • Kuva itariki 1 Rusama utegerezwa kuba wararonse urucanco rw’ibicurane bizwi nka influenza kugira ngo urekurirwe kuja kuramukanya mu kigo kibamo abageze muza bukuru

Menya neza yuko intara co kimwe n’ibisagra vyarashizeho amategeko abigenga atandukanye.

Noba nkwiye kwambara agafukamunwa (masque)?

Ukwiyongera mu kwanduzanya COVID-19 vyabaye muri Australia bisigura yuko intara n’ibisagara bimwe bimwe bitegeka canke bisaba abantu kwambara agafukamunwa.

Agafukamunwa ubu n’itegeko canke bigasabwa yuko kambarwa mu ntara ya Victoria (bivanye naho usanzwe uba), bivanye n’ibitigiri vy’abanduye biri hejuru mur’ako gace.

https://www.dhhs.vic.gov.au/face-coverings-1159pm-wednesday-22-july

Abasanzwe baba mu ntara ya NSW nabo bsarasabwa kwambara agafukamunwa mu gihe boba baba canke bakora mur’ivyo bice bivugwamo abanduye benshi canke bari aho hose usanga bidashoboka kwiha umwanya hagati yawe n’uwundi muntu.

Mu gihe akogafukamunwa gakoreshwa nk’iyindi ntambwe yo kwikingira, nubwo biri gutyo utegerezwa:

  • Kuguma mu rugo mu gihe utamerewe neza
  • Kwiha umwanya hagati yawe n’abandi bantu (imetero zirenze 1.5) mu gihe uri hanze
  • Wirinde kuja mu makoraniro manini manini abera imbera mu nzu.
  • Kora imyimenyerezo ijanye n’isuku ryo guhema neza

Mu gihe hagize igihinduka mu ntara canke igisagara usanzwe ubamo mur’ico gihe impanuro zijanye no kwambara agafukamunwa zishobora guhinduka. Ni vyiza kuguma ku mwanya w’ibintu aho bigeze mu gace urimo. Reta y’intara canke igisagara usanzwe ubamo izoguhereza ibi:

https://www.health.gov.au/news/health-alerts/novel-coronavirus-2019-ncov-health-alert/how-to-protect-yourself-and-others-from-coronavirus-covid-19

Ingendo zo hagati mu gihugu, gusohoka canke kwinjira muri Australia

Abenegihugu bose bakwiye kureka ingendo zidakenewe hagati mu gihugu. Intara zose zirashobora gukoresha amategeko azigenga, harimwo no kwugara imbibe zi intara.

Ingingo ngenderwako zigenga abakoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza

Igikorwa c’iyunguruzwa ry’abantu n’igikorwa cega intara, ibisagara. Inama nkuru y’igihugu ikaba yatoye yashizeho urukurikirane rw’amategeko kugira ngo bifashe gukingira amagara n’umtekano vy’abakozi n’abasanzwe bakoresha ubwo buryo mu kwiyunguruza, harimwo: kudafata urugendo mu gihe utamerewe neza, kwama wiha umwanya buri gihe hagati yawe n’uwugendesha imodoka canke ikintu cose cunguruza abantu hamwe n’izindi ngenzi, hamwe no kugabanya ihererekana ry’amafaranga mu minwe. Ushaka kumenya vyinshi ku mategeko yo kwikingira COVID-19 agenga abunguruza abantu n’ibintu raba ngaha: https://www.infrastructure.gov.au/transport/files/COVID19_public_transport_principles_29052020.pdf  

Ingendo njabukamazi 

Ingenzi zose ziva mu mihingo itandukanye y'isi yinjira muri Australia hatisunzwe ubwenegihugu bwabo canke abo bafatiye indege, bategerezwa kwuzuza urupapuro bemeza yuko bazoja ukwabo mu bibanza bizwi mu kiringo c'imisi 14 imbere yuko baja mu ngo zabo. Bazosuzumwa ko banduye coronavirus imbere yuko bashirwa ukwabo bonyene eka n’imbere yuko bemererwa kugenda.

Birashobora kuba ngombwa yuko nawe uterera mu kiguzi c’imisi wamaze uri mu kato. Reta niyo iraba izo ngingo hama zigashirwa mu ngiro n’uburongozi bw’intara hamwe n’ibisagara:

NSW: https://www.nsw.gov.au/covid-19/travel-and-transport-advice 

 VIC: https://www.dhhs.vic.gov.au/information-overseas-travellers-coronavirus-disease-covid-19 

ACT: https://www.covid19.act.gov.au/community/travelling-and-transport 

NT: https://coronavirus.nt.gov.au/stay-safe/quarantine 

QLD: https://www.qld.gov.au/health/conditions/health-alerts/coronavirus-covid-19/protect-yourself-others/quarantine  

SA: https://www.covid-19.sa.gov.au/restrictions-and-responsibilities/travel-restrictions 

TASMANIA:https://www.coronavirus.tas.gov.au/travellers-and-visitors 

WA:https://www.wa.gov.au/organisation/department-of-the-premier-and-cabinet/covid-19-coronavirus-travel-wa

Abenegihugu co kimwe n'abemerewe kuba ngaha bazwi nk'aba permanent residents  ntibemerewe gufata ingendo zo hakurya y'amazi (hanze ya Australia) kubera ingingo zafashwe mu ntumbero yo ku rwanya COVID-19.

N'ubwo bimeze bityo mugihe woba wipfuza gusohoka Australia urashobora gusaba bakaguha uruhusha rudasanzwe ruguha uburenganzira bwo gusohoka igihugu mu gihe woba uri muri aba bakurikira: 

  • Urugendo ufashe ni mu ntumbero yo gutabara abanduye ikiza COVID-19, harimwo no kubafasha.
  • Urugendo rwawe ari ngombwa kugira ngo utunganye ibikorwa runaka vy'ishirahamwe hamwe n'urudandaza (Kugura ibidandazwa ubikura hanze hamwe no gushora hanze y'igihugu)
  • Ufashe urugendo kugira ngo ushobore kuvurwa kandi bidashoboka ngaha muri Australia
  • Ufashe urugendo rwihutirwa kandi ari ngombwa muvyo usanzwe ukora kandi  udashobra kurusiba
  • Ibikorwa vy'impuhwe no gutabara imbabare
  • urugendo rwawe rufitiye inyungu igihugu.

Aho ufatira indege ikuzana (transit hubs)

Mu gihe  uriko urategura indege igutahana, urashobora guca Kuala Lumpur, Doha, New York, Paris, London canke Tokyo.

Amakuru y'abafata ingendo aguma ahinduka ku mwanya muto. Ukaba wahisemo kugaruka muri Australia:

Suzuma neza inzira uzocamo hama ugume uvugana n'ishirahamwe ry'indege rizokuzana canke abasanzwe bafasha mu bikorwa vy'urugendo mu kugura itike ry'indege, kurikirana amatangazo bashikiriza babicishije ku bibuga vy'indege aho ufatira iyindi hamwe n'uburongozi.

Gerageza kuvugana n'ubuserukizi  bw'igihugu uzocamwo uhindura indege bukuri hafi mugihe woba ufise ico ushaka kubaza haba kw'injira canke gusohoka. Raba ngaha www.smartraveller.gov.au 

Ni gute indongozi za Australia zoba ziriko zirahangana ni iki kiza?

Umushikiranganji wa mbere yashizeho Emergency Response Plan for Novel Coronavirus (COVID-19)

Umuyobozi mukuru asanzwe ajejwe “human biosecurity emergency” muri Australia yongereje ikiringo kindi c’amezi atatu kuva itariki 17 Ruheshi kugera 17 Nyakanga 2020

Ukworohereza bamwe bamwe mu bafise ama viza

Abafise viza z’akaruhuko z’agateganyo: Hazotezurirwa abamaze amezi atandatu akorana n’umukoresha umwe, mu gihe basanzwe bakora mu bisata nka: amagara y’abantu, bakorana n’abageze mu za bukuru, abagendana ubumuga, irerero ry’abana, uburimyi hamwe n’ibifungurwa kandi bemerewe gusaba viza yindi mu gihe viza basanzwe bafise igiye kurangira mu kiringo c’amezi atandatu.

Abakozi bakora mu kiringo kananaka hamwe n’abari mu mugambi uzwi nka Pacific Labour participants: bashobora kuzokwongereza ikiringo ca viza zabo gushika ku mwaka umwe.

Abari kuri viza z’agateganyo zishingiye ku bumenyi kanaka: Ku bakozi baba bafashwe mu mugongo mu kurihirwa viza zibaha uburenganzira bwo gukora, nk'abari mu cicaro 457 (Subclass 457) na 482, hama akazi kabo kakaba karangiye, bahawe ikiringo c’imisi 60 kugira bashobore kuba baronse uwundi muntu ashobora ku bishingira bitaba gutyo bagasubira mu gihugu bazananyemo.

Mu gihe umukozi ahagaritswe ivyagateganyo mu kazi yari asanzwe akora ariko atirukanywe, canke amasaha bari basanzwe bakora yagabanijwe, ivyo ntibizofatwa nko kurenga ku mategeko agenga viza bariko. Baremerewe gusaba amadorare agera ku $10 000 muyo basanzwe bafise yo kwiziganyiriza.

Abanyeshure mpuza amakungu:

-barashora kuguma mu gihugu mu gihe bagifise akazi. Mu gihe badafise akazi, umuryango ubashigikira canke amafaranga biziganirije barashobora gutegekanya izindi nzira.

-abanyeshure mpuza amakungu basanzwe bakora akazi ko kwitaho abageze mu za bukuru canke nk’abaganga baremewe gukora amasaha arenze 20 ku ndwi.

-barafise uburenganzira bwo gusaba amafaranga biziganyije mu gihe bamaze amezi 12 muri Australia.

Mu ntara ya Victoria abanyeshuri bazohabwa agahembo kangana $1,100 nkuko biri mu migambi yiyo reta mu ntumbero yo gufata mu mugongo, ako gahembo nako ka kazofasha abantu batari bake muriyo ntara.

Ingenzi: zitegerezwa gusubira mu gihugu zazananyemo, na cane cane izidafise imiryango izifata mu mugongo.

Agahembo kazohabwa abarondera akazi.

Agahembo kagenewe abarondera akazi hamwe n’abari basanzwe bakora

Agahembo kazotangwa gushika muri Ntwarante 2021, hama umushahara wagenewe abarondera akazi gushika muri Kigarama 2020. Mu mezi ar’imbere, reta izoshira k’umugaragaro  imigambi ijanye n’agahembo k’abarondera akazi mu mwaka 2021. Ariko ako gahembo kazogabanywa kuva mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga 2020.

Agahembo kagenewe abarondera akazi

 -   Ubu: $ 1,115

-   Kuva muri Nyakanga 2020: $ 815

Kandi kuva mu mpera za Nyakanga, urashobora kuronswa AUD $ 300 ku ndwi zibiri, mu gishingo c’ayahora atangwa AUD $ 106 mbere yako gahembo kagenewe abarondera akazi kagirwako  ingaruka

Kuva itariki 4 Myandagaro umuntu wese aronka imfanshanyo ya reta uduhembo twagenewe ababuze akazi n’abakarondera bazotegerezwa kuja k’urutonde rw’abashaka akazi kandi bategerezwa kurondera akazi n’iburi buri incuro zine mu kwezi kugira ngo ushobore kubandanya uronka iyo mfanshanyo.

Agahembo kagenewe abari basanzwe bakora

Ako gahembo kazocibwamo kubiri, uburyo bumwe kubasanzwe bakora amasaha yose ategekanijwe n’akazi hama  ubundi abasanzwe bakora amasaha make

Agahembo k’abasanzwe bakora amasaha yose ategekanijwe n’akazi:

-   Ubu: $ 1,500

-   Kuva muri Nyakanga 2020: $ 1,200

-   Kuva muri Nzero 2021: $ 1,000

Agahembo k’abasanzwe badakora amasaha yose:

-   Ubu: $ 1,500

-   Kuva muri Nyakanga 2020: $ 750

Kuva muri Nzero 2021: $ 650

Irerero ry’abana

Imiryango ishika umuriyoni niyo itegekanijwe kuronka ubufasha bwo kutariha amafaranga basanzwe bariha ibigo bitandukanye bibafasha kurera abana muri ibi bihe vyi ikiza koronavirus. Biciye mu mugambi wa reta, izoriha ibice 50 kw’ijana ikigo kijejwe amarerero ry’abana gushika ku mafaranga bariha kw’isaha hisunzwe igihe abavyeyi batanguriye kuvana ku bwisnhi abana babo mu marerero atandukanye. Ivyo bikazoja mu ngiro kuva itariki 6 Ndamukiza.

Imfashanyo itegekanirijwe amabi akorerwa mu ngo ni imiryango

Imiriyoni z’amadorare 150 nizo reta ya Australia izotanga mu ntumbero yo gushigikira abenegihugu bariko barashikirwa n’amabi akorerwa mu ngo n’imiryango muri kino gihe ikiza ca coronavirus

Imfashano y’abagendana ubumuga bwo mu mutwe

Imiriyoni z’amadorare 74  nizo reta izotanga kugira ngo afashe abagendana ubumuga bwo mu mutwe hisunzwe n’ineza y’abenegihugu bose babanye Australia. Igisata gisanzwe gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi ca reta kizwi nka Head to Health (www.headtohealth.gov.au) nico conyene cemerewe kuzotanga amakuru n’ukugira inama abantu ingene  bashobora kubandanya bagira amagara meza ku bijanye n’ubumuga bw’indwara zo mu mutwe muriki gihe ci ikiza ca Coronavirus eka no mugihe abantu bari mu mago yabo batemerewe kugenda hanze, co kimwe n’ingene abana boshigikirwa hamwe naba bakikuje hamwen n’ingene wokwironkera izindi serivisi zijanye n’ubumuga bw’indwara zo mu mutwe n’ingene wozirinda.

Kugira ngo ushobore kumenya ingene reta ya Australia iriho irahangana ni ikiza COVID-19, ja ngaha  Government response 

Usahaka ayandi makuru mu congereza raba ngaha health.gov.au/news/health-alerts/novel-coronavirus-2019-ncov-health-alert 

Ushaka amakuru mu kirundi atanzwe n'Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu :https://www.homeaffairs.gov.au/covid-19/Pages/covid-19-Kirundi.aspx?lang=Kirundi


Abantu bose muri Australia bakwiye kwubahiriza ni buri buri imetero 1.5 hagati yabo n'abandi bantu. Raba mu ntara yawe umenye amakoraniro yemewe. https://www.sbs.com.au/language/english/how-australia-s-states-and-territories-are-relaxing-coronavirus-restrictions  

Namba ufise ibimenyetso vy'ibicurane n'ugukanya, guma mu rugo hama ugerageza guhamagara muganga wawe  canke uhamagare ikigo kijejwe gutara amakuru kuvyerekeye coronavirus ku rwego rw'igihugu biciye kuri 1800 020 080

Amakuru atandukanye woyasanga uyaronka mu ndimi 63 kuri sbs.com.au/coronavirus