NSW yamenyesheje umugambi wo kugerageza ‘application’ izokwemeza ko wicandagishije, Victoria igiye kugura ibikoresho bizofasha mu gusukura akayaga mu mashuri

Chapel Street in Melbourne, Wednesday, September 22, 2021. An earthquake has been reported in Victoria and tremors were as far away as Canberra and Sydney. Source: AAP/James Ross

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 22 Nyakanga 2021

  • Muburengero bwa NSW, abasanzwe baba muri Oberon bahamagarirwa kw’ipimisha
  • Muri Victoria hagati mu ntara, guma mu rugo igiye kurangira ku baba muri Ballarat
  • ACT iracari k’umurongo w’intumbero yihaye ijanyie n’aho ibitigiri vy’abicandagisha bigeze
  • Hongerejwe ibibanza vy’abasahaka kwicandagisha batarinze kubisaba muri Queensland

New South Wales 

Habonetse abashika 1,035 banduye mu gihe abanda batanu bitavye Imana.

Kuva itariki 06 Gitugutu, NSW izogerageza ‘application’ izohora yemeza yuko umuntu yicandagishije ibicishije mu yindi ‘application’ ya ‘Service NSW’ aho izobanza kugeragezwa ku basanzwe bari mu ntara hagati mu kurindira yuko ikoreshwa mu gihugu cose mu kurindira yuko abicandagisha bashika ibice 70 kw’ijana.

Ibisigarira vy’imigera vyabonetse mu myanda mike yafashwe nk’akarorero muri Oberon iherereye mu burengerazuba bw’intara ya NSW.

Fyonda ngaha ‘book your vaccine appointment usabe umubonano wo gufata urucanco uno musi. 

Victoria

Hatowe abanduye bagera kuri 628 uno musi, aho 57 kw’ijana vy’abanduye bari mu turere turi mu buraruko bwa Melbourne. Batatu nibo bitavye Imana.

Iyo ntara yamenyesheje umugambi w’imiliriyoni 19$ agiye gukoreshwa mu kugura ibikoresho 51,000 bizofasha gusukura akayaga aho ivyo bikoreshwa bizotangwa ku bigo vy’amashuri ya reta, ibigo vya ekereziya katorika birihisha amafaranga make hamwe n’ibigo vy’amashuri y’abikorera utwabo kugira ngo bishobora kugabanya amahirwe yo kwandura. Uyo mugambi wo gushira ibikoresho bifasha guhema mu mashure niwo wa mbere ushizwemo amafaranga menshi muri Australia.

Muri Ballarat guma mu rugo irangira uno musi sa sita z’ijoro, ariko zimwe mu ngingo zafashwe mu kurwanya ikiza zirahaguma, harimwo kwambara agafukamunwa waba uri mu nzu canke hanze.  

Rondera ikigo wokwicandagishamo ki kwegereye vaccination centre.

Australian Capital Territory

Abantu 17 nibo batowe umugera, mu gihe 11 bacidegemvya mu kibano kandi banduye.

Umurwa mukuru wa ACT uriko urababa kurenza ibice 95 kw’ijana vy’abantu bamaze kwicandagisha urucano rwa mbere, ibice 81 kw’ijana vy’abakwije ivyangombwa bamaze gucandarwa, mu gihe ibice 56 kw’ijana bamaze kwicandagisha incaco zose.

Fyonda ngaha book your COVID-19 vaccination.  usabe umubonano wo kwicandagisha

Amasaha 24 aheze muri Australia

  • Muri Queensland, ibibanza vyo kwicandagishamo utabanje gusaba umubonano birahari i Boondall, Caboolture, Doombenna Kippa-Ring uhereye itariki 22 Nyakanga. 

alc covid mental health
ALC

Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:    

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel na Quarantine
QLD Travel na Quarantine
SA Travel na Quarantine
TAS Travel na Quarantine
WA Travel na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.



Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania

This story is also available in other languages.