Burundi: Perezida Pierre Nkuruziza yishwe n'iki

Perezida w'Uburundi yapfuye mu buryo bwatangaje benshi.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza. Source: Getty Images

Mw’itanganzo reta y’Uburundi yaraye isohoye ryasigura ibijanye n’urunpfu rwa Pierre Nkurunziza, rivuga yuko yitavye Imana k’umurango w’umusi wa mbere itariki 08 Ruheshi 2020.

Iryo tanganzo rikavuga yuko yahitanywe n’umutima wahagaraye bukwi na bukwi.


 

  • Pierre Nkurunziza yahitanywe n’iki
  • Umukuru w’igihugu c’Uburundi yapfuye
  • Uburundi mu kigandaro c’imisi indwi 

Kw’itariki 06 Ruheshi 2020, iryo tangazo rimenyesha yuko Nkurunziza yariko arakurikirana urukino rw’umupira wa maboko (Volley ball) I Ngozi. Mw’ijoro ryo kuruwo musi nyene rishira uwamungu w’itariki 07 Ruheshi 2020 niho uwo umukuru w’igihugu c’Uburundi yumva atamerewe neza hama acagenda ku bitaro biri mu ntara ya Karuzi kwivuza, nkuko reta ibandanya ibishikiriza.

Reta ikabandanya ivuga yuko kuwa mungu w’iatriki 07 Ruheshi, Pierre Nkurunziza yari yorohewe kuburyo yabashije no kuvugana n’abari bamwegereye.

Ryamenyesheje riti ‘ ku buryo bidasanzwe, k’umusi  wa mbere w’itariki 08 Ruheshi amasaha y’imbere ya sasita, yakitswe n’amagara bukwi na bukwi ku buryo umutima wiwe wahise uhagarara.’

“Abaganga baragerageje uko bashoboye kugira ngo bashobore kumusubizamo impwemu z’abazima biranka’’, niko ryabandanije rivuga.

Reta ya Gitega ibicishije muriryo tanganzo nyene yashize imisi indwi y’ikigandaro itanganza kandi yuko amabendera yose mu gihugu azoduzwa kugeza hagati.

Ivyo bibaye mu gihe hari amakuru avuga yuko umutambukanyi wa nyakwigendera yahoze arongoye igihugu c’Uburundi Denise Bucumi Nkurunziza yoba arwariye I Nairobi ariko gushika ubu hakaba ata tangazo na rimwe ribeshuza ayo makuru canke ngo riyemeze.


Share

Published

Updated


Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service