COVID-19 Mu Burundi: Amerika, Australia n'Ubworengeza navyo vyongewe ku rutonde rw'ibindi bihugu.

U Burundi bwamenyesheje yuko ingenzi zose harimwo niz'abarundi zivuye muri Amerika, Australia n'Ubwongereza zitegerezwa gushikira ahabigenewe kugira basuzumwe yuko ata coronavirus bafise. Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi bukaba bwakiriye Abarundi harimwo impuzi n'abandi banyamahanga barenga 260 bavuye mu Rwanda.

Burundi map-creative image

Burundi map- create image Source: Getty Images

Abarundi, n'izindi ngenzi zivuye mu bihugu nka: Amerika, Australia n'Ubwongereza bije vyiyongera ku bindi bihugu ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no ku rwanya sida mu Burundi bwari bwamenyesheje yuko ingenzi zose zivuye mu bihugu vyunze ubumwe bw'Iburayi (Union Euronpéenne) zitegerezwa gushikira ahabigenewe kugira ngo babashe kubasuzuma mu gihe c'indwi zibiri. 

Gushika ubu nta muntu aramenyekana yuko afise coronavirus mu Burundi. Umwigeme w'imyaka 29 asanzwe akomoka mu Bufaransa ariko akaba yigisha kw'ishure ry'Abafaransa mu Burundi, n'umwe mu bari biketsweko yoba yanduye coronavirus inyuma yaho agiye mu gihugu cu Rwanda agahura n'umugenzi wiwe  kw'itari 06 Ntwarante, uyo nawe bikavugwa yuko baje gusanga afise coronavirus. Uyo mu Faransakazi ari kumwe n'abandi bagenzi biwe babiri barikumwe mu karuhuko mu gihugu cu  Rwanda baje kugumizwa ku muhana wabo muri Rohero barasuzumwa basanga nta Coronavirus bafise.

Inyuma yu Rwanda kwugara amashure yaba mato mato nayisumbuye, u Burundi bwarashoboye kwakira abantu barenga 260 harimwo abanyeshuri, abavyeyi babo bagiye kubakira, abahungutse co kimwe n'abanyamahanga. Abo bantu bose bakaba bashikijwe mu kigo c'ubuvuzi ci Ngozi babanza gusumwa no kwegeranya imyirondoro yabo naho baba kugira babashe kubakurikirana.  

Ubwo bushikiranganji bukaba busaba ngo ingenzi zose zinjira mu Burundi harimwo n'abarundi ngo yuko bokworohereza abaganga bategerezwa kubasuzuma binjiye mu burundi.

Mwomenya yuko gushika ubu u Burundi butaratanganza umuntu numwe ko yoba yaranduye uyo mugeza wa coronavirus.

Share

Published

Updated


Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service