COVID-19. Indwara yandikishije amateka adasanzwe muriki kinjana ca 21, ntushobora gutambuka imetero 100 utarabona uwambaye agafukamunwa (masque) canke ubone uwuriko arihanagura intoki yaba n’amazi canke akoresheje ibindi bintu vyabigenewe. Coronavirus ihagaritse imitima abato, n’abakuru canke shaka uvuge abatunzi n’aboro. Iyi ndwara irandagata kurusha imiriro ya nyakanga imaze guhitana ibihumbi vy’abantu kw’isi. Yite COVID-19 canke Coronavirus ntaho uzoba wibesheye, indwara rukumbi yahagaritse ingendo z’ama miriyoni y’abantu kw’isi, indwara yugarije imiryango itari mike, indwara yateye amasoko kwugara, indwara ibaye iyambere kw’isi iteye ibihugu rutura kwiyugarirako imbibe. Coronavirus iteye umutekano muke kw’isi gushikaho igihugu nk’Ubutariyano ki gategeka abantu baco kwiyugarana mu mazu. COVID-19, indwara ifise indembe ziri k’umusego mu bihugu nka vyose kw’isi.
Iyo ndwara yazanye mu Bushinwa yatandukiriye umugabane wa Afrika henshi kw’isi hamaze gufatwa. Mu bihugu 54 bigize Afrika ibishika 30 nivyo bimaze gushikirwa. Mu karere kibiyaga binini hose haramaze kwibonekeza iyo ndwara ya Coronavirus kireste mu Burundi gushika ubu. Urwanda gushika ano magingo rumaze kumenyesha yuko abantu bashika ku munani aribo bamaze kumenyekana yuko bafise COVID-19. Uwugira umunani akaba amenyekanye uyu musi.
Mu matanganzo atandukanye ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bumaze imisi busohora, aradondora abafise uyo mugera haba ku myaka yabo, indege zabazanye, eka n’ibihugu baje bazananyemo hatibagiwe n’ubwenegihugu bafise. Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwashize ahabona kuwa 14 Ntwarate ryari rifise urutonde rw’ivyo abantu bakwiye gushira mu ngiro mu ntumbero yo kwirinda Coronavirus. Iryo tanganzo ryasaba yuko ayo mabwirizwa ashirwa mu ngiro ubwo nyene kandi yuko azomara indwi zibiri.
Bimwe mu vyari bigize iryo tangazo harimwo n’iyugarwa ry’amasengero, amashuri mato mato nayisumbuye yaba aya reta canke abigenga. Iryo tangazo rya nasaba yuko abakoresha bokwumvikana n’abakozi babo bagakorera mu rugo aho bishoboka. Inkino n’imanza z’ubugeni navyo ntibirekuriwe mu kiringo c’indwi zibiri, eka n’izindi ngamba zishoboka zose.
Ku musi w’Imana ubwo bushikiranganji nyene bwarashize ahabona ibitigiri vy’abamaze kwandura Coronavirus yuko bashika batanu ico gihe.
Ico gitigiri caje inyuma yaho hibonekeje ikarata ndangamuntu ifise umwirondoro w’umuntu ava mu buhinde yuko ariwe mu ntu wa mbere yoba arwaye Coronavirus murico gihugu cu Rwanda. Ariko ayo makuru yaje kubeshuzwa mu nyuma. Abo bantu batanu nabo baravugwa imyaka yabo, indege zabazanye naho baciye, ariko icibonekeza kidasanzwe n’umuntu avugwa muri iryo tangazo adaherutse gufata ingendo ariko basanganye COVID-19.
Uno musi, ubwo bushikiranganji nyene buhejejekumenyesha yuko abantu bamaze kwandura bangana umunani. Reta yu Rwanda ivuga yuko abo bantu bose bariko baravurigwa ahantu habigenewe. Iyo reta ya Kigali ikaba yafashe ingamba zitari nke mu kurwanya ico kiza ruhonya nganda harimwo guhamagarira abantu gukaraba intoki kenshi gashoboka, co kimwe no kwirinda ahantu hakoraniye abantu benshi.
Ico kiza gushika ubu kitaratorerwa umuti canke urucanco kimaze guhitana abantu barenga 7000 ku bantu ba baba 180 000 bamaze kwandura ico kiza kw’isi yose. Ku mugabane wa Afrika ico kiza kimaze gutwara ubuzima bw’abantu bashika bane kuri 220 ba barwayi, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ry’itaho amagara y’abantu kw’isi OMS.