- Dubbo iri hagati mu ntara ya NSW nayo yagiye muri guma mu rego
- Muri Victoria abashika batanu banduye bari mu matohoza.
- Cairns yavuye muri guma mu rugo nkuko yari yabitegekanije
Victoria
Intara ya Victoria yagize abandi bantu 20 banduye, aho batanu muribo bitaramenyekana aho banduriye kuko bitaboneka ko banduye biturutse ku banduye. Abandi batandatu muribo baracindegemvya mu kibano kandi banduye.
Uwuserukira iyo ntara Daniel Andrews akaba yamenyesheje yuko tegeko rya guma mu rugo rizokwongerezwa ikiringo gushika kuwa Kane 19 Myandagaro
Ronderera ngaha ahatandukanye aho wokwicandagisha list of vaccination centres.
New South Wales
Abashika 344 nibo banduye mu ntara ya NSW mur’abo 65 bakaba bari mu kibano bidegemvya kandi banduye. Abantu babiri batari bwicandagishe nibo bitavye Imana bahitanywe na COVID-19, umwe muribo yar’umushingantahe ari muri za 90 mu gihe uwundi nawe yari muri myaka 30 ariko kandi akaba yarafise uburwayi agendana.
Akarere k’uburongozi bwa Dubbo kari mu ntara hagati ya NSW kazoja muri guma mu rugo uhereye sa saba (1pm) uno musi inyuma yaho hibonekeje abantu ba biri banduye murako karere.
Uwujejwe amagara y’abantu mu ntara ya NSW Dr Kerry Chant yamenyesheje yuko abagera kuri 62 bari mu vyumba vy’indembe, 57 bakaba batararonka urucanco, mu gihe batanu bamaze kuronka urucanco rwabo rwa mbere.
Ronderera ngaha ahatandukanye aho wokwicandagisha list of vaccination clinics.
Queensland
Iyo ntara yaronse abashika bane banduye biturutse ku kiza ca coronavirus muriyo ntara mu gihe abandi bari mu kato ariko banduye uyo mugera.
Guma mu rugo y’imisi itatu muri Cairns hamwe na Yarrabah irangira uno musi sa kumi (4pm) ariko hamwe n’ivyo ingingo ziguma uko zari restrictions remain in place.
Dr Jeannette Young akaba ari muganga mukuru muriyo ntara arasaba abana bari hagati y’imyaka 12-15 basanzwe bafise canke bagendana indwara ngo n’abo bakwiye kwiyandikisha ngo baronke urucanco.
Ronderera ngaha ingene wosaba isango ryo gucandarwa book your vaccination appointment.
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permit, Overseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel na Quarantine
QLD Travel na Quarantine
SA Travel na Quarantine
TAS Travel na Quarantine
WA Travel na Quarantine
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi Smart Traveller.
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri sbs.com.au/coronavirus
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: NSW, Victoria, Queensland, Western Australia, South Australia, Northern Territory, ACT, Tasmania.
- Amakuru kur'urucanco rwa COVID-19 vaccine in your language.
Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:
COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.
Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:

