Ibigezweho kuri COVID-19: Inama nshikiranganji kwiga ibijanye n’umwanya wo gutangirako ‘booster’, hamwe n’ingingo zogukoresha agapfukamunwa

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 22 Kigarama 2021.

Prime Minister Scott Morrison speaks to the media during a community breakfast on Bribie Island, north of Brisbane, Tuesday, December 21, 2021. (AAP Image/Albert Perez) NO ARCHIVING

Prime Minister Scott Morrison and state leaders held a meeting of national cabinet on Wednesday. Source: AAP

  • NSW yagize ibindi bitigiri biri hejuru vy’abandura COVID-19 k’umusi, aho 3,763 batowe uwo mugera, mu gihe ibibanza basuzumiramo abantu vyarengewe.
  • Abashika 302 nibo bari mu bitaro muri NSW kubera banduye uyo mugera kuva kuri 284. Muri abo 40 bari mu bitaro bararemvye cane.
  • Uwuserukira intara ya NSW Dominic Perrrottet azoshikiriza ikibazo kijanye n’umwanya hagati ya ‘booster shot’ (twovuga nk’incanco ziterwa abikingije COVID-19 zishigikira incaco bafashe) mu ndwi iza aho inama nshingamateka izosubira guterana ku wa Gatatu.
  • Ikindi kizokwihwezwa mur’iyo nama nshikiranganji n’ingingo zo kwambara udupfukamunwa mu bihe abandura babandanya kwongerekana mu gihugu cose.
  • Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yavuze yuko ivyerekanywe bivuga yuko Australia ishobora gushitsa  abantu 200,000 banduye COVID-19 ku musi ngo “ amahirwe ni make cane’.
  • Muganga mukuru Paul Kelly yavuze yuko uburyo ibinyamakuru vyashikirije ivyo vyigwa vyerekanywe yuko babishikirije mu buryo bwo ‘kuyovya’ abantu.
  • Uwuserukira intara ya Queensland Annastacia Palaszczuk yamenyesheje ingingo nshasha zo kwambara agafukamunwa mu bibaza vyerekana amareresi (isinema), ingoro zo kwidagaduriramo hamwe n’abasanwe bakora mu bisata bitandukanye vyitaho abantu ko iyo ingingo izoshirwa mu ngiro kuva 17h00 ku wa Kane.
  • Umuyobozi w’ikigo Moderna yavuze yuko ico kigo kititeze ikibazo na kimwe mu gutunganya ‘booster shot’ mu ntumbero yo gukingira umugera mushasha wa COVID-19 uzwi nka Omicron

Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

NSW handuye 3,763 n’abandi babir bitavye Imana, mu gihe muri Victoria 1,503 ari bo banduye, batandatu baritaba Imana

Muri Queensland habonetse 186, Tasmania 12, ACT 58

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha here.


Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Find out what you can and can't do in your state or territory

Ingendo

Information for international travellers and Covid-19 and travel information in language

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘Getting help during Covid-19 from Services Australia in language




Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.


Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 

Victoria 

Queensland 

South Australia 

ACT 

Western Australia 

Tasmania

Northern Territory 


Share

3 min read

Published

Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama




Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps

Listen to our podcasts

Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service

Watch now