- Victoria yoroheje ingingo z’imbibe ihana na NSW
- NSW irasubira kwakira abashaka kubagwa bavyisabiye
- ACT yagize 24 banduye
Victoria
Abantu bashika 1,841 nibo danduye mu ntara ya Victoria, ivyo bikaba vyatumye igitigiri c’abanduye kigera kuri 22,598. Aho ni mu gihe 12 bitavye Imana.
Guhera uno musi, abantu bicandagishije incanco zose bazinjira muri Victoria ntibazosabwa kwishira mu kato bagishika.
Abafata ingendo bavuye mu karere ka Greater Sydney, harimwo Blue Mountains, Central Coast, Shellharbour na Wollongong bazokenera ikizi nka “orange zone permit” kugira binjire mur’iyo ntara ya Victoria.
ABantu baticandagishije bazosabwa kwishira mu kato bacinjira, hama basuzumwe mu gihe c’amasaha 72 hama bagume mu kato gushika baronse inyishu yuko batanduye.
Rondera aho wicandagisha vaccination centre hakwegereye.
New South Wales
Intara ya NSW yagize abantu 283 banduye mu gihe indwi bitavye Imana.
Ibijanye no kwibagisha bivyisabiye bigeye gutangura ubugira kandi ku basanzwe baba mu karere ka Greater Sydney mu ndwi iza, ivyo bibaye uko inyuma y’amezi abiri ivyo bikorwa bihagaritswe mu gihe hariho abantu benshi bari banduye COVID-19 mu kiza giherutse kwisubirira.
Ukubagwa bizosubira ariko bifatiye ku bice 75 kw’ijana gusa vy’abantu baba bemerewe kwinjira mu nyubako z’ibitaro haba ari ibitaro vya reta canke vy’igenga muri Greater Sydney, harimo n’akarere ka Blue Mountain uhereye ku wa Mbere.
Fyonda ngaha book your vaccine appointment Usabe umubonano wo gufataurucanco uno musi.
Uko vyiri vyifashe mu masaha 24 aheze muri Australia
- ACT yategetse incanco ku basanzwe bakorana n’abantu bagendana ubumuga canke muri kominote z’abantu bageze mu zabukuru i Canberra.
- Umushikiranganji w’amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu Greg Hunt yavuze yuko Australia yashitse ku ntambwe ishimishije mu kwongore kwugurura aho ni mu gihe abagera ku bice 70 kw’ijana vy’abakuze barengeje imyaka 16 bamaze kwicandagisha incanco zose.
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permit, Overseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel na Quarantine
QLD Travel na Quarantine
SA Travel na Quarantine
TAS Travel na Quarantine
WA Travel na Quarantine
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri: sbs.com.au/coronavirus
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: NSW, Victoria, Queensland, Western Australia, South Australia, Northern Territory, ACT, Tasmania.
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha COVID-19 vaccine in your language.
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

