- Umurwi TGA wemeje iyongereza ngumvu z’uru ncaco Pfizer kubanye Australia bose barengeje imyaka 18 kandi bamaze gufata incanco zose ko bahabwa amezi atandatu inyuma y’urucanco rwa kabiri.
- Abipfuza gufata ingendo bakaba barafashe incanco zose ntibagikeneye gusaba impusha zidasanzwe kugira bafate ingendo, imbere yuko imbibe mpuzamakungu zugururwa ku wa 1 Munyonyo
- Umuhinga mu ndwara zandukira yagabishije mu bijanye no gukurikirana mu buryo bwihuse abafata ingendo nyinshi muri NSW
New South Wales
Intara ya NSW yagize abashika 304- banduye, aho vyabonetse yuko ivyo bitigiri biri hejuru ugereranije n’ejo hahise aho abanduye bashika 282.
Umuhinga mu ndwara zandukira yagabishije mu bijanye no gukurikirana mu buryo bwihuse abafata ingendo nyinshi muri NSW, yavuze yuko bizotangura ku wa Mberre 1 Munyonyo.mary Louise McLaws yavuze yuko abo mu ntara hagati bakwiye kwongereza umuvuduko w’abicandagisha.
Uwuserukira intara ya NSW Dominic Perrottet yavuze yuko umurwi ujejwe gukurikirana umugambi wo kunagura ubutunzi kubera COVID ngo uriko uriga “ingingo ngenderwako zizofasha kunagura ubutunzi, ukazoshira ahabona uwo mugambi mu ndwi iza.
NSW #COVID19 update – Wednesday 27 October 2021
In the 24-hour reporting period to 8pm last night:
- 93.2% of people aged 16+ have had one dose of a COVID-19 vaccine
- 85.5% of people aged 16+ have had two doses of a COVID-19 vaccine
- 89,875 tests pic.twitter.com/bLqs93gEgM
— NSW Health (@NSWHealth) October 26, 2021
Ronderera hafi ikigo kwikegereye uheze wicandagishe vaccination centre.
Victoria
Victoria yagize abantu 1 534 banduye COVID-19 abandi 13 bitavye Imana mu gihe abadandaza bitegurira kwugurura ivyo bakora aho zimwe mu ngingo zo kurwanya ikiza zizokworoshwa ku wa Gatanu.
Ubuhinga bwo kumenyesha ko winjiye ahantu ukoresheje ‘QR code check-in’ buriko burashirwa ku gihe aho biciye muri ubwo buhinga ababukoresha bazoshobora ku menya namba abaciye canke bagendeye ahantu hari uwanduye.
Fyonda ngaha book your vaccine appointment today.
book your vaccine appointment Usabe umubonano wo gufataurucanco uno musi.
Uko vyiri vyifashe mu masaha 24 aheze muri Australia
- Umurwi Therapeutic Goods Administration (TGA) wemeje iyongereza ngumvu z’uru ncaco Pfizer kubanye Australia bose barengeje imyaka 18 kandi bamaze gufata incanco zose ko bahabwa amezi atandatu inyuma y’urucanco rwa kabiri, aho abakora mu gisata c’abagendana ubumuga n’abageze mu zabukuru aribo bazobanza mu gifata urwo rucanco rwa gatatu,
- Ubutegetsi bw’intara ya Tasmania bwavuze yuko ibice 97 kw’ijana vy’abakozi bakora mu gisata c’amagara y’abantu bamaze kuronka urucanco rwabo rwa mbere.
- Australian Capital Territory yagize abantu 12 banduye mu gihe uyo murwa mukuru uriko uregereza gushitsa ibice 90 kw’ijana vy’abicandagishije.
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permit, Overseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel na Quarantine
QLD Travel na Quarantine
SA Travel na Quarantine
TAS Travel na Quarantine
WA Travel na Quarantine
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri sbs.com.au/coronavirus
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara: NSW, Victoria, Queensland, Western Australia, South Australia, Northern Territory, ACT, Tasmania.
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha COVID-19 vaccine in your language.
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:
COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

