Ibice vyinshi kw'ijana vy'abantu ubajije kahise ku Rwanda, benshi muvyo bakubwira ntibokwibagira kuvuga jenocide yabaye mu 1994, aho bivugwa yuko abantu barenga 800 000 bishwe. Amezi umunani jenoside ibaye, Australia yararungitse abasirikare 600 kugira ngo baje gufasha mu bikorwa vyo kubumbatira amahoro n'umutekano. Ahitwa i Kibeho, mu Rwanda ni hamwe aho izo ngabo zahawe abantu ibihumbi n'ibihumbi ngo babacungerere umutekano harimwo abagore n'abana. Mu 1995, jenoside imaze kurangira, abantu bitwaje ibirwanisho baraje bica abo bantu ibihumbi n'ibihumbi bari murico kigo....ivyakurikiyeho ni mu kiganiro cacu turiko turabategurira. Bimwe muvyo abasirikare ba Australia bakoze ni hamwe no gusukura ibitaro, kuvura abakomeretse...n'ibindi vyinshi
Share

