Amatora yo mu ntara ya Victoria azoba itariki 24 Munyonyo. Mu barundi bahuriye kuri Melbourne Hub aho bigiye ibijanye n’amatora, Ezechiel Ntirenganya yarimwo aratubwira ibisabwa kugira utore, ukwiyandikisha mu matora, uguhitamwo abo utora n’uko bigenda ku musi w’amatora. Gutora utegerezwa kuba ufise imyaka 18, ufise ubwenegihugu bwa Australia kandi uba muri Victoria.
Share

