Indongozi zu Burundi zitandukanye zaje kw'ugurura icese ibiro vy'ubuserukizi bwayo muri Australia. Murizo ndongozi harimwo umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi nawe yarafise ivyo yateguye kuyaga n'abarundi harimwo ivugabutumwa n'ibikorwa vyo kwitanga. Ivyo birori vyo kwugurura icese ivyo biro bikaba vyarakozwe n'umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu hariya muri Perth. Aho ni mugihe muri Queensland habonetse umurwi wabaje kwigaragamvya ku ngoro y'amakoraniro nshikiranganji banenga umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi.
Share






