Umunezero udasanzwe igihe Abarundi bahimbaza ibirori vy’ukwikukira

Burundian drums during the Independence celebration on July 1st at Multicultural Hub, Melbourne Source: (Mireille Kayeye)
Itariki 1 Mukakaro ni umusi Abarundi bahimbaza umusi udasanzwe w’ukwikukira. Abarundi baba mu ntara ya Victoria mu gisagara ca Melbourne hamwe nababa muri Shepparton na Wagga Wagga muri Austrariya bakaba baroye hamwe aho bahimbariza ibirori vy’ukwikukira kw’abarundi ahitwa Multicultural hub. Mu kiganiro c’uno musi muza kuhumvira akanyamuneza kabashitse murico kibanza hamwe namajambo nyamukuru yahashikirijwe ahamagarira Abarundi kubabariranira no gukomeza urukundo muri kominoti n’ukwibuka gusiga iragi rizokwama ryibukwa muri Austrariya no mu Burundi.
Share