Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi areze abana barenga 50 hamwe n'abapfakazi yitwararika umusi k'uwundi harimwo no kubarihira amashuri. Ni ibikorwa yatanguye ataraja mu mabanga y'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi. Kuri we ngo azoba yagukiwe cane kwitararika ivyo bikorwa atakiri mu mabanga y'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi. Mu kiganiro kidasanzwe yahaye radiyo SBS Kirundi aratuyagira umutwaro afise kurico gikorwa co kurera abo bana n'abandi batishoboye.
Share






