Hari ubwoko butandukanye bw'ingurane ushobora gusaba kugira urihe amashure ya kaminuza muri Austrariya. Mu kiganiro c’uno musi turaba uburyo butandukanye bwo gusaba ingurane kubifuza kubandanya amashure yisumbuye. Ariane Uwimana afise imyaka 23, akaba asanzwe yiga kuri kaminuza ya Curtin; aratuyagira ibisabwa kugira uronke ingurane ya HECS-HELP igufasha kwiga muri kaminuza hanyuma ukazoyiriha waratanguye gukora.
Australia iri mu bihugu vya mbere bizimvye mu bijanye na mashure yisumbuye.

Share






