Inomero igifasha kuriha ikori n’inomero umuntu afata nka nkama; kandi umuntu atabwira uwariwe wese kireste uwuyigusavye abirekuriwe n’amategeko.
Amahera reta yegeranya biciye mu manomero y’abarishe amakori akoreshwa mu gushiraho ibintu bifasha abanyagihugu. Nko kwubaka amabarabara, amashure, ibitaro canke n’ibindi.

Source: AAP Image/Moodboard
Urondera gute inomero igufasha kuriha ikori
Abantu bafise impapuro z’ingendo zo hanze, abafise uburenganzira bwo kuba mu gihugu igihe cose eka n’ingenzi zizomara umwanya mutoya bose barashobora kurondera inomero yo gutunganya ikori kuri interineti.
Kurondera inomero y’ikori bitangwa ku buntu.
Mu gihe umuntu yujuje ibisabwa, kandi ata kibazo na kimwe gihari, inomero yawe bayikurungikira biciye kuri aderesi uba waratanze mu misi 28 ikurikira.
N’abikorera utwabo barasabwa kurondera inomero ibafasha gutunganya ikori.

Source: AAP Image/Moodboard
Raba ko amazina yawe yanditse neza
Kubera inomero y’ikori ari imwe ikuranga mu gutunganya amakori, ni nkenerwa ko ugumana izina rimwe wakoresheje mukuyirondera ubwa mbere.
Soma vyinshi gusumba kubijanye n’inomero igufasha gutunganya ikori muri Austrariya kuri uno murungo Ibiro bijejwe amakori. Ushobora kandi kuraba uno murongo mu ndimi zitandukanye.