Kurondera inomero igufasha kuriha ikori

Father paying taxes online

Father paying taxes online Source: Blend Images

Umuntu akiri mushasha muri Austrariya hariho ibintu ategerezwa kwihutira kurondera mu gihe yiphuza gukora canke kuriha ikori. Inomero igufasha kuriha ikori, ni inomero ikuranga ikongera igashira hamwe umushahara uhembwa, amahera reta ikubikira hamwe n’amahera y’ikori.


Inomero igifasha kuriha ikori n’inomero umuntu afata nka nkama; kandi umuntu atabwira uwariwe wese kireste uwuyigusavye abirekuriwe n’amategeko.

Amahera reta yegeranya biciye mu manomero y’abarishe amakori akoreshwa mu gushiraho ibintu bifasha abanyagihugu. Nko kwubaka amabarabara, amashure, ibitaro canke n’ibindi.
A businesswoman using laptop at office desk
Source: AAP Image/Moodboard

Urondera gute inomero igufasha kuriha ikori

Abantu bafise impapuro z’ingendo zo hanze, abafise uburenganzira bwo kuba mu gihugu igihe cose eka n’ingenzi zizomara umwanya mutoya bose barashobora kurondera inomero yo gutunganya ikori kuri interineti.

Kurondera inomero y’ikori bitangwa ku buntu.

Mu gihe umuntu yujuje ibisabwa, kandi ata kibazo na kimwe gihari, inomero yawe bayikurungikira biciye kuri aderesi uba waratanze mu misi 28 ikurikira.

N’abikorera utwabo barasabwa kurondera inomero ibafasha gutunganya ikori.
A salesperson cutting cheese in a store
Source: AAP Image/Moodboard

Raba ko amazina yawe yanditse neza

Kubera inomero y’ikori ari imwe ikuranga mu gutunganya amakori, ni nkenerwa ko ugumana izina rimwe wakoresheje mukuyirondera ubwa mbere. 

Soma vyinshi gusumba kubijanye  n’inomero igufasha gutunganya ikori muri Austrariya kuri uno murungo Ibiro bijejwe amakori. Ushobora kandi kuraba uno murongo mu ndimi zitandukanye.

 


Share
Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service