Abantu batavukiye muri Austrariya bashobora kutamenya ingene bofashwa mu gihe bagize ingwara zo mu mutwe gusumba abantu bavukiye muri Austrariya. Mu kiganiro c'uno musi tuyaga ingene bashobora kugufasha mu gihe wahahamutse, canke urwaye ibonge.
Kenshi nta wubahuka kuvuga ibijanye n'ingwara zo mu mutwe ariko ni ingwara zishobora gushikira uwariwe wese.
Vugana na muganga wawe
Mu gihe wumva ufise ivyiyumviro bikurengeye egera muganga wawe.
Terefona mu gihe udashaka kubonana n'abantu mu maso
Beyondblue ikora imisi yose kandi ushobora kubakura kuri 1300 22 4636.
Lifeline ushobora kubakura kuri 13 11 14 .
MindSpot ushobora kwisomera ibintu bigufasha.
Kids Helpline Abana nabo bashobor akwakura kuri 1800 55 1800.
Vugana n'umuntu

Ingwara zo mu mutwe n'ingwara zishobora gushikira uwariwe wese. Nico gituma wokwegera muganga kugira agufashe.






