Birakenewe kumenya ko abakozi baje ba mu bindi bihugu bose bafise amategeko amwe nk'umwenegihugu wese w'umunya Austrariya. Muri kino kiganiro, ombusumani araba ibijanye n’amategeko aranga abakozi aratanga insiguro y’ibijanye n’amategeko yok u buzi butandukanye muri Austrariya.
Amategeko arenga abakozi muri Austrariya arashobora kumera nkayagoye gutegera, ariko igikenewe gusumba n’ukumenya ingene abantu baje bava mu bindi bihugu, yaba abamaze kuronka ubwenegihugu canke abakoresha ubwoko butandukanye bw’ibipapuro vy’inzira arizo visa bafoise amategeko amwe co kimwe numwenegihugu wese wumunya Austrariya.
Agahembo kemewe namategeko mu gihugu cose ni amahera yamadorari 18 nibice 29 kw’isaha.
Umukozi wese arafise amategeko amuranga mu bijanywe numushahara ahembwa kandi hariho uburyo bworoshe bwo kwitwarira uwo mukoreshwa mu gihe ayo mategeko adakurikijwe.
# Soma vyinshi ku bijanye n'amategeko akuranga mu kazi kawe kuri ino mirongo ya interineti :
Ibiro vya ombusumani <https://www.fairwork.gov.au/>
Ibiro vya ombusumani mu ndimi 31 <https://www.fairwork.gov.au/language-help>
Guharura agahembo <https://calculate.fairwork.gov.au/findyouraward>
Shikira ikikubakiye ku murimo mw’ibanga <https://www.fairwork.gov.au/how-we-will-help/how-we-help-you/anonymous-tipoff>
Ibijanye n’impapuro zitanga uburenganzira bwo kuba mu gihugu (visa) <https://www.fairwork.gov.au/find-help-for/visa-holders-and-migrants>
Ibijanye nakazi muri Austrariya <https://www.safeworkaustralia.gov.au/>






