Muri Australia hari abana barenga imiriyoni zitanu bari musi y'imyaka 18. Amasezerano y'ishirahamwe mpuza amakungu ONU ajanye ni agateka k'abana avuga yuko abana bose bakwiye kugira uburenganzira bumwe mu kwaruka kwabo haba mu ndero, kwivuza be no gukingirwa. Hamwe n'ivyo abaharanira agateka k'abana baravuga yuko Australia igifise impinga ndende.
Share






