Uburyo bwo kurondera umubonano wo gusaba akazi muri Austrariya

 Shaking hands at a job interview

Source: Getty Images

Mu gihe kurondera akazi ari ikintu nkenerwa ku muntu wese aba muri Austrariya, kuronka umubonano wo gusaba akazi bisaba gukoresha uburyo butandukanye.


Kuronka akazi muri ino misi bica mu kumenyana n'abantu canke kuronka uwukurangira aho ubuzi buri. Hari uburyo bwinshi bushobora gukoresha kugira uronke umubonano uguha akazi.

Hilaire Bucumi, yakoze imyaka 12 mw'ishirahamwe AMES rifasha kwakira no kumenyereza abantu bakiri bashasha muri Austrariya aratuyagira uburyo ushobora gukoresha kugira uronke akazi. Bumwe muri bwo ni ugutegura indondorabuzima yerekana ubuzima bwawe n'aho wakoze, kwimenyereza ururimi rw'icongereza eka no kwimenyereza akazi mu kwitanga kugira wige wongere umenyane n'abantu ariyo 'vounteering'.

Tegura neza indondorabuzima yawe

Mu ndondorabuzima gerageza wongeremwo ivyushobora gukora vyose ku buryo umukoresha ahita abibona. Raba uburyo wokoresha mu gutegura  indondorabuzima yawe kuri interineti.
Getty Images
Source: Getty Images

AMES, imwe mu mashirahamwe afasha abantu bashasha kurondera akazi

Job interview prep
Source: Getty Images
Urashobora kwimenyereza kurondera akazi muri AMES muri Victoria.

Soma vyinshi ku bijanye n'ukurondera akazi muri Austrariya kuri  Porogaramu yo kurondera akazi.

 


Share
Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service
Uburyo bwo kurondera umubonano wo gusaba akazi muri Austrariya | SBS Kirundi