Mu gihe kurondera akazi ari ikintu nkenerwa ku muntu wese aba muri Austrariya, kuronka umubonano wo gusaba akazi bisaba gukoresha uburyo butandukanye.
Kuronka akazi muri ino misi bica mu kumenyana n'abantu canke kuronka uwukurangira aho ubuzi buri. Hari uburyo bwinshi bushobora gukoresha kugira uronke umubonano uguha akazi.
Hilaire Bucumi, yakoze imyaka 12 mw'ishirahamwe AMES rifasha kwakira no kumenyereza abantu bakiri bashasha muri Austrariya aratuyagira uburyo ushobora gukoresha kugira uronke akazi. Bumwe muri bwo ni ugutegura indondorabuzima yerekana ubuzima bwawe n'aho wakoze, kwimenyereza ururimi rw'icongereza eka no kwimenyereza akazi mu kwitanga kugira wige wongere umenyane n'abantu ariyo 'vounteering'.
Tegura neza indondorabuzima yawe
Mu ndondorabuzima gerageza wongeremwo ivyushobora gukora vyose ku buryo umukoresha ahita abibona. Raba uburyo wokoresha mu gutegura indondorabuzima yawe kuri interineti.

AMES, imwe mu mashirahamwe afasha abantu bashasha kurondera akazi

Urashobora kwimenyereza kurondera akazi muri AMES muri Victoria.
Soma vyinshi ku bijanye n'ukurondera akazi muri Austrariya kuri Porogaramu yo kurondera akazi.






