Tugeze mu gihe c'impera y'umwaka w'amakori utangurana n'itariki 1 Mukakaro buri mwaka, n'umwanya wo gusaba insubizo kw'ikori watanze mu mwaka wahera.
Noba nkeneye gusaba insubizo kw'ikori natanze?
Nimba ufise akazi ukora muri Austrariya ukaba wahembwe amahera arenga ama dorari $18200 mu mwaka; urakeneye gusaba insubizo kw'ikori watanze. Umukoresha wawe araguha urutonde rwerekana amahera wahembwe n’amahera y’amakori warishe mu mwaka wose.
Nosaba insubizo ryari?
Mu gihe uvyisabiye we nyene ni ukubisaba imbere y’itariki 31 Gitugutu z’umwaka. Mu gihe urondeye uwanonosoye ivy’amatagisi agufasha naho ukenera kubitanga itariki 15 Rusama z’umwaka ukurikira.

Kuvyiyuzuriza wenyene
Ushobora kuvyuzuza uciye kuri myTax, umurongo wa interineti utangwa na reta.

Soma vyinshi ku bijanye no kuriha no gusaba insubizo ku makori muri Austrariya:
Kwuzuza ibijanye n'amakori uciye kuri myTax
Kurondera uwumfasha kuriha canke gusaba insubizo y'amakori
Soma vyinshi mu ndimi zishika kuri 33
Ivyo ATO izoraba gusumba ibindi muri uno mwaka





